Kuronka uburenganzira bw’imfanshanyo muvy’ubutungane muri Australia

Ushobora gukenera ubufasha bw’abafise ubumenyi muvy’ubutungane kugira ngo ubashe kuja imbere y’amategeko mu rubanza aha muri Australia. Ariko hamwe n’abashingwamanza basaba amafaranga y’umurengera kw’isaha, si bose boyaronka ngo bahangane n’ubutungane. Hamwe n’ivyo urashobora kuronka ubufasha muvy’ubutungane kandi k’ubuntu.

scales of justice

Source: Getty Images/Julius Adamek/EyeEm

Abantu bakeneye ubufasha mu vy’ubutungane barashobora kuronderera muri komisiyo ifasha muv’ubutungane ‘legal aid commission’ mu ntara canke ibisagara barimo canke bakagenda ku bigo bifasha muvy’ugutunganyiriza abantu canke ‘Aboriginal and Torres Stait Island Legal Services.’

Mu masezerano y’ivy’ubutungane ya 2020-25 azokoresha miriyaridi 2.3 zirenga z’amadorare, imfashanyo yatanzwe na reta ya Australia mu ntara hamwe n’ibisagara hose mu ntumbero yo gufasha igisata c’ubutungane kimaze imyaka myinshi gihabwa amafaranga make.



Ingingo nyamukuru

  • Abafasha muvy’ubutungane bahitamo imfashanyo ibereye bafatiye k’urubanza uko rumeze
  • Kugira wemererwe iyo mfanshanyo, utegerezwa kwuzuza ibisabwa kandi ube wujuje ibisabwa n’ivyangenderwako vya komisiyo ifasha mu vy’ubutungane
  • Amasezerano yok u rwego rw’igihugu ajanye no gufasha mu vy’ubutungane ya 2020-25 azotanga imiriyaridi 2.3 z/amadorare kugira afashe mu vy’ubutungane


Abantu bitura ubutungane basaba imfanshanyo bashobora gusabwa kwuzuza ibintu bimwe bimwe, harimo umwidondoro mu vy’ubutungane hamwe no gusaba urwete ruvuye k’umuntu runaka canke muri serivisi yinaka, impanuro ku rubanza kanaka, itunganywa n’ingene inkiko zikora, guserukirwa hamwe no guserukirwa hamwe n’ibindi.

Amashirahamwe atandukanye atanga ubufasha butandukanye muvy’imanza, amwe amwe  yose afise ivyo asaba bitandukanye.
man and the phone
Legal Aid commissions provide free legal information and advice over phone Source: Getty Images/LumiNola

Komisiyo zifasha mu vy’ubutungane

’ Komisiyo zifasha mu vy’ubutungane zitanga impanuro k’ubuntu, harimo n’udupapuro dufise impanuro/amakuru, canke imyanya btanga impanuro/ amakuru k’ubuntu biciye kuri terefone.

Mu gihe woba wipfuza uwuguserukira,bizoba ngombwa yuko utanga igisabo kijanye n’ubufasha ukeneye kandi utegerezwa kuba wujuje ibisabwa. Komisiyo zitandukanye zifasha mu vy’ubutungane zishobora kuba zisaba ivyankenerwa bitandukanye.

Kimwe mu bisabwa ni kumenya agahembo kawe, ivyo utunze co kimwe n’ibirego ufise- namba ari ivyaha vy’ubwicanyi canke ibibazo vy’umuryango.

 
Umwigisha muvy’amategeko muri kaminuza ya Sydney, Professor Simon Rice yavuze ko abasanzwe bafise amikoro abaye-baye ngo ntibemerewe ubwo bufasha mu vy’ubutungane.

Yakoze ivyigwa ku bitigiri vy’abafashwa mu vy’ubucamanza ku rwego rw’igihugu  ‘’ hagati ya Mukakaro 2020 na Rusama 2021 aho yasanzwe ibice 65 kw’ijana vy’izo mfashanyo zahawe abagabo mu gihe ibice 33 kw’ijana zaronse abakenyezi.
meeting between two man
Everybody who contacts community legal centres will at least get help in legal information and guidance for self-help resources Source: Getty Images/Weekend Images Inc

Ibigo vy’ubucamanza mu kibano

Mu gihugu cose, hari ibigo vy’ubucamanza 170 bidaharanira inyungu za poritike bitanga imfashanyo z’ivy’ubutungane k’ubuntu, harimo gutanga amakuru, kwandikira umuntu ikete yasabwe ahantu, inyigisho mu vy’ubutngane, impanuro, hamwe na serivisi zihagarikira abantu mu vy’imanza.

Umuyobobozi w’ibigo ‘’ biharanira uburenganzira bw’umuntu  Nassim Arrage yavuze yuko ibigo vy’ubutungane muri za koninote bokorana hafi cane na kominote kandi bafitaniye imigengederanire ikomeye cane hamwe na serivisi zitangirwa muri izo komonote.
Ku gisengebumenyi ‘Website’, abantu barashobora urutonde rw’ibigo vy’ama kominote afasha muvy’ubutungane muri Australia hose.
Arrage yavuze yuko ivyo bigo ari vyo bihitamo ubufasha muvy’ubutungane bashobora gutanga bisunze ibirego vy’umw’umwe wese.

Nubwo bimeze bityo, yamenyesheje kandi yuko umuntu wese yituye ivyo bigo ngo bazomugira inama muvy’ubutungane hama bamwerekeze ingene ashobora wenyene kwihagararira.

“Uko umuntu agaragaza ibimenyetso vy’ubushobozi buke, uyo aba afise amahirwe yuko tuzobandanya tumufasha.  Birashoboka yuko ari ibijanye n’amabi akorerwa mu ngo, canke adashobora kuvuga canke gutahura icongereza, umuntu agendana ubumuga canke uwugeze muzabukuru, uwutararenza imyaka 18. Ivyo bimenyetso vyose birafise ingaruka ku ngingo dufata,” niko yavuze.

 iratanga serivisi muvy’ubutungane kubakenyezi badafise ubushobozi bwo gushikiriza ibirego vyabo akenshi biba bifitaniye isano n’amabi akorerwa ashingiye ku gutandukana nabo bubakanye canke amabi akorerwa mu ngo.

Umuyobozi Helen Matthews yavuze ati bivanye n’uburyo buke hamwe n’amahugurwa co kimwe n’amategeko agenga abakenyezi bakora muri Legal Service Victoria, bashobora kugira inama umuntu co kimwe no kwishinga guserukira igice gito cane c’abakenyezi.
Akazi kacu kanini n’ugufasha abaciriwe imanza batishoboye n’urukiko rwa Melbourne.
Abashingwamanza bafasha abakatiwe

Mu gihugu cose, mu nkiko zose z’ibanze muma tribunals umuntu wese arashobora kwegera umushingwamanza afasha abaciriwe imanza batishoboye amuronderako ubufasha mu gihe aba afise urubanza muri urwo rukiko kandi adafise uwumuserukira nk;umushingwamanza.

Iyo serivisi batanga ni kubuntu. Ariko abo basanzwe bafasha, hariho urugero rwa serivis badashobora kurenza ku musi. Mu gihe urubanza rwawe rugoye, ico bashobora kugufasha n’ukwunguruza amatariki yo hanyuma.
Lawyer back view
In Australia for family and civil law matters, you may choose to represent yourself in court Source: Getty Images/Chris Ryan

Kwiserukira imbere y'ubucamanza

Umuntu aserutse imbere y’ubucamanza ategerezwa guserukirwa n’umushingwamanza yabinonosoye. Muri za sentare z’ingo n’imiryango urashobora guhitamo kwiserukira/ kwihagararira.

Umwigisha w’amategeko muri Kaminuza ya Sydney professor Simon Rice yavuze ati n’ubwo inkiko zigerageza kworohereza abihagarariye, urasabwa kuba ufise ubumenyi muvy’amategeko kugira ushobore gutegura ibisabwa n’urukiko bityo ushobore kuvugana n’urukiko.
Ubufasha butangwa ni buke cane; uba uhanganye n’abahinga co kimwe n’urwego rukoresha amajambo adasanzwe.
Professor yigisha amategeko Dr Jeff Giddings yamenyesheje yuko Kaminuza Monash ifise inyigisho bise zigamije gufasha abasanzwe bashaka kwihagararira mu manza zo mu nkiko z’ingo n’imiryango.
Ayandi makaminuza atanga inyigisho z’amahugurwa yivy’ingo n’imiryango ni hamwe na kaminuza Griffith, Kaminuza Deakin, Kaminuza Bond hamwe n’izindi nyinshi.

Mu vyigwa bijanye n’ubutungane, abanyeshure batanga ubumenyi hamwe n’ivyokwifashishwa mu gihe umuntu ari mur’ubunza hamwe nivyo yokurikiza ivyo vyose k ubuntu. Ivyo vyigwa n’inyigisho biba bihagarariwe n’umwigisha abifitiye ubumenyi co kimwe n’inzobere muvy’ubucamanza.

Hariho kandi n’ibisengebumenyi (websites) bitari bike bifise amakuru k ubuntu agufasha kwifashisha mu gihe uri mu rukiko.

Urashobora no kuronka umushingwamanza aguserukira k ubuntu atagusavye amafaranga.

Ukaba ukeneye serivisi zitarihisha mu ntara yawe canke igisagara urimo, gendera igisengebumenyi
legal desk
At local courts and tribunals, anyone can approach a duty lawyer for assistance if they have a matter at court that day and do not have their lawyer Source: Getty Images/seksan Mongkhonkhamsao

Share
Published 19 November 2021 6:47pm
Updated 19 November 2021 6:57pm
By Josipa Kosanovic
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama


Share this with family and friends