Handuye benshi batari bwaboneke muri Victoria kuva kino kiza gisubiriye, NSW yiteguye kwugurura

Aha uhamenyera ibigezweho kuri coronavirus muri Australia kw’itariki 13 Gitugutu 2021

The Royal Children's Hospital in Melbourne is dealing with a coronavirus scare in its NICU unit, which cares for vulnerable newborns.

The Royal Children's Hospital in Melbourne is dealing with a coronavirus scare in its NICU unit, which cares for vulnerable newborns. Source: AAP

  • Victoria yagize ibitigiri vyo hejuru cane kuva iki kiza ca COVID-19 gisubiye kwaduka
  • NSW mu gushikana ibice 80 kw’ijana vyabamaze kwicandagisha incaco zose
  • Uduce twinshi ku rutonde rwaho abantu bandurria gusumba ahandi muri ACT


VICTORIA

Ibitigiri vy’abanduye COVID-19 muri Victoria ni 1,571 mu gihe 13 bitavye Imana.

Abari barafashe amasango yo kwibagisha yabaye ihagaritswe mu gihe ibitaro Roayl Children’s Hospital muri Melbourne vytanguje umugambi wihuse wo gusuzuma abantu baje gusura ababo mu bitaro, aho ni mu gihe umuvyeyi umwe yagendeye ivyumba bidasanzwe vy’abana bavuka bakeneye umwitwarariko udasanzwe kandi yanduye.

Umuganga mukuru w’intara martin Foley yagize agace kazwi nka Micthell Shire kari mu karere ka Hume kazova muri guma mu rugo uhereye mw’iri joro.

Fyonda ngaha  Usabe umubonano wo gufataurucanco uno musi.

NSW

NSW yagize abantu 444 bashasha banduye COVID-19 hamwe n’abandi bane bitavye Imana.

Iyo ntara irashobora gushika ku ntego yihaye yo kugira 80 kw’ijana vy’abantu bamaze kwicandagisha gushika ku wa Mungu.

Uwuserukira iyo ntara Dominis Perrottet yacishijemo ibijanye no kwemeza urutonde rw’ingene ibintu bizosubira mu buryo, aho ni nyuma yaho abo bakora bazokorana k’umusi w’ejo ngo bavugane ibijanye no kworosha ingingo zafashwe uhereye mu ndwi iza. Harategekanywa itangazo rizobimenyesha ku wa Gatanu.

Abantu barenga ibice 75.2 kw’ijana vy’abarengeje imyaka 16 nibo bamaze gucandagwa incanco zose, aho ni mu gihe abarenga ibice 90 kw’ijana bamaze guterwa urucanco rumwe.

Rondera ikigo wokwicandagishamo ki kwegereye.

ACT

Habonetse abashika kuri 51 banduye COVID-19 muri ACT. Muri abo 16 bari mu bitaro, umunani bari mu vyumba vy’indembe aho batanu bakeneye gufashwa ni vyuma kugira baheme.

Hariho ibibanza birenze 370 vy’aho abantu banduriye. Ivyo bimeze bityo mu gihe ababa muri ico gisagara basabwa kuguma bamenya ahandi hantu abantu bariko barandurira babicishije ku gisengebumenyi

Uko vyiri vyifashe mu masaha 24 aheze muri Australia

  • Intara ya Victoria igiye guha akazi abaforoma  bashika 1000 bazova hanze ya Australia kugira bafashe mu buvuzi kuko vyibonekeza yuko abandura batera bagwira.
  • ACT iri mu nzira yo kuba kimwe mu bisagara kw’isi bifise abantu benshi bicandagishije, aho ibice 99 kw’ijana vy’abamaze kwikingiza incanco zose bazokwuzura muri Munyonyo
Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza

Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:         

Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha.   ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kugisengebumenyi .





Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:



Ibibanza vyo gusuzumiramo muri buri ntara n’ibisagara:



Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza muri buri ntara n’igisagara:


Share
Published 14 October 2021 1:29am
By SBS/ALC Content
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama
Source: SBS


Share this with family and friends