Ibigezweho kuri COVID-19: Ikigo TGA cemeze urucanco Novavax, ibinini bizofasha abaremvye cane

Aha uhamenyera ibigezweho kuri COVID-19 muri Australi kw'itariki 20 Nzero 2022

L’Australie valide le vaccin Novarax.

Source: AP

  • Ikigo Therapeutic Goods Administration (TGA) cahaye uburenganzira urucanco Novavax rwo gukingira COVID-19 ko rwokoreshwa muri Australia, ikaba yatumyeko incanco imiriyoni 51.
  • Ico kigo TGA cahaye uburenganzira mfatakibanza umuti wo kunywa urwanya umugera , uzokoreshwa kubarwaye COVID-19 basinzikaye cane.
  • Umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Asutralia Greg Hunt yavuze ati iyo miti paxlovid na molnupiravir izoshika mu ndwi iza.
  • Abantu bashika 49 nibo bitavye Imana bahitanywe na COVID-19 muri Australia hose.
  • Ivyo bitigiri bishitse mu gihe abantu barwariye mu bitaro muri NSW bagabanutse ubwa mbere kuva itariki 18 Kigarama- kuva kuri 2,863 ku wa Gatatu ugashika kuri 2,781 mu gihe abaremvye cane mu bitaro bagabanutse kuva kuri 217 gushika 212.
  • Abantu 30,825 nibo banduye muri NSW na 25 bitavye Imana.
  • Inama nshingamateka izokorana ku wa kane kugira bigire hamwe ingene abanyeshuri bosubira kwishure hisunzwe amategeko yo kwirinda COVID-19, mu gihe amashuri yimirije gutangura.
  • Umuyabaga w’imyaka 18 yarasanzwe afise izindi ndwara agendana n’umwe muri icenda bitavye Imana muri Queensland mu gihe habonetse abanda bashika 16,812 banduye uno musi.
  • Uwurongoye intara ya Victoria Daniel Andrews yavuze incaco zitatu za COVID-19 zasabwe “gukingirwa bibereye”, ngo yizera yuko Inama nsgingamateka izovyerekana mu ku “vyiyumvirako’
  • Abajejwe amagara y’abantu mu ntara ya Queensland  biteze yuko abandura bazokwongerekana mu mpera z’ukwezi, umushikiranganji w’amagara y’abantu Yvette D’Ath akaba yapfoye yuko Gold Coast ariho hazo fatwa ubwa mbere.
Intara zashizeho ukwiyandikisha kubw’udukoresho dufasfa kwisuzuma ikibiriraho tuzwi nka RAT ‘Rapid Antigen Test’

Ibitigiri bishasha kuri COVI-19

Abashika 30,825 nibo banduye mu ntara ya NSW na 25 bitavye Imana, mu gihe Victoria yagize abashika 21,966 na 15 bahitanywe nico kiza.

Queensland handuye 16,812 hamwe n’abandi icenda bitavye Imana, mu gihe Tasmania habonetse 927 banduye.

ACT yagize 829 bashasha banduye.

Wipfuza kumenya ingingo zifatwa kubera ikiza COVID-19 mu kirimi cawe, ngendera ngaha .



Kwishira mu kato hamwe n’ingingo zafashwe mu kurwanya ikiza mu ntara ku yindi:

Ingendo

 and Covid-19 and travel information 

Imfanshanyo y’amafaranga

Hariho impinduka kuri gahembo gategekanirijwe abagizweko ingaruka iturutse kuri COVID-19 mu gihe intara ishikanye ibice 70 canke 80 kw’ijana vy’abaamaze kwikingiza incanco zose zibiri. Kuronka imfanshanyo mu gihe ca COVID-19 iturutse muri Services Australia mu ndimi ukoresha: ‘







Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:



Ibibanza vyo kwisuzumisha muri buri ntara n’ibisagara:

 
 

Share
Published 20 January 2022 7:10pm
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama


Share this with family and friends