Ibigezweho kuri COVID-19: Ibikorwa vyo kubaga bamwe mu bavyisabiye muri Victoria bizotangura kandi kuri uyu wa mbere

Aha uhamenyera ibigezweho kuri COVID-19 muri Australia kw'igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2021.

Victorian Health Minister Martin Foley speaks to media at the Alfred Hospital in Melbourne, Wednesday, December 29, 2021. Victoria has seen a massive jump in COVID-19 infections with 3767 new cases and five deaths. (AAP Image/Con Chronis) NO ARCHIVING

Victorian Health Minister Martin Foley speaks to media. Source: AAP

  • Reta ya Victoria yamenyesheje yuko bamwe bamwe mu bisabira amasango yo kubarwa ko bagiye kwakirwa, ariko ntiyamenyesheje igihe amatariki ivyo bikorwa vyo kubaga abantu mu bitaro (Kuri bose) bizotangurira.
  • Victoria yamenyesheje kandi imfashanyo y’imiriyaridi 1,4 izotangwa, aho umushikiranganji w’amagara y’abantu Martin Foley yavuze yuko azofasha iyo ntara mu kurwanya Omicron.
  • Abashika 31 nibo bahitanywe na COVID-19 muri NSW, aho 36 muri Victoria aribo bitavye Imana, ariko bikaboneka yuko abaja mu bitaro muri zo ntara zose batera bagabanuka.
  • Umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Australia Greg Hunt yamenyesheje yuko abantu 45,000 mu bantu 170,000 bakwije ibisabwa hamwe n’imyaka ibemerewe gufata ‘booster shot’ basanzwe baba mu mazu y’abari mu za bukuru ariko batarafata urwo rucanco rwa gatatu rwa COVID-19
  • Umushikiranganji Hunt yavuze yuko harimwo ukwijijanya imitima mur’abo bakukuruke mu bijanye no gufata urwo rucanco.
  • Itegeko ryemerera abakeneye kubarwa bavyisabiye canke babirihiye rizokwemezwa muri Northen Territory kugira ngo bagabanyirize ibitaro ubwinshi bw’abakeneye iyo serivisi.
  • Uwujejwe amagara y’abantu Dr John Gerrard muri Queensland yavuze yuko hibonekeza ibitigiri biri hejuru mu bari muri z’abukuru bahitanwa n’ikiza kandi baba batararonka urucanco ‘booster shot’
Ibitigiri bishasha kuri COVID-19

NSW, habonetse 2,494 bari mu bitaro ni 160 baremvye cane, aho 31 bahitanywe nico kiza hamwe ni 10,698 banduye COVID-19.

Muri Victoria 707 nibo bari mu bitaro, harimwo 79 baremvye cane. Hamenyekanye 36 bahitanywe nico kiza, n’abandi 11,240 banduye COVID-19.

Muri Queensland 732 nibo bari mu bitaro harimwo 50 baremvye cane , 13 bapfuye ni 6,857 banduye.

Abantu 570 nibo banduye, 13 bari mu bitaro na 2 baremvye cane.

Umwe niwe yitavye Imana muri ACT, 449 banduye, harimwo 65 bari mu bitaro hamwe n’umuntu umwe aremvye cane.

Wipfuza kumenya ingingo zifatwa kubera ikiza COVID-19 mu kirimi cawe, ngendera ngaha .



Intara zashizeho ukwiyandikisha kubw’udukoresho dufasfa kwisuzuma ikibiriraho tuzwi nka RAT ‘Rapid Antigen Test’

Kwishira mu kato hamwe n’ingingo zafashwe mu kurwanya ikiza mu ntara ku yindi:

Ingendo

hamwe na COVD-19 co kimwe n’amakuru ku bafata ingendo 

Imfanshanyo y’amafaranga

Hariho impinduka kuri gahembo gategekanirijwe abagizweko ingaruka iturutse kuri COVID-19 mu gihe intara ishikanye ibice 70 canke 80 kw’ijana vy’abaamaze kwikingiza incanco zose zibiri. Kuronka imfanshanyo mu gihe ca COVID-19 iturutse muri Services Australia mu ndimi ukoresha: ‘







Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:



Ibibanza vyo kwisuzumisha muri buri ntara n’ibisagara:

 
 

Share
Published 4 February 2022 4:28pm
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama


Share this with family and friends