Ibigezweho kuri COVID-19: Queensland yakuyeho ubuhinga bwo gusuzuma buzwi nka ‘PCR’ kubw’ingenzi ziva mu ntara zija mu yindi

Aha uhamenyera ibigezweho kuri COVID-19 muri Australia kw'itariki 29 Kigarama 2021.

Rapid antigen tests are available in supermarkets and pharmacies across Australia

Rapid antigen tests are available in supermarkets and pharmacies across Australia. Source: AAP/Lukas Coch

  • Uwuserukira intara ya Queensland Annastacia Palaszczuk yamenyeshe yuko ibipimo vyo gusuzuma COVID-19 bizwi nka ‘PCR’ bigeye gukurwaho bigasubuirizwa ibindi bipimo bizwi nka ‘rapid antigen testing’ (ibipimo bikorwa ikibiriraho ugaca uronka inyishu) uhereye itariki ya 1 Nzero.
  • Inama nshingamateka izokorana ku wa Kane ngo irabire hamwe qibisabwa kugira ngo umuntu ashobore gusuzumwa COVID-19 mu gihugu cose mu gihe himirijwe imisi mikuru yo gusozera umwaka.
  • Abanduye mu ntara ya NSW biyongereye incuro zibiri mu kiringo c’amasaha 24, aho abanduye bagera ku 11,201.
  • Ababa mu ntara ya Victoria bazoronswa ibipimo ‘rapid antigen’ k’ubuntu uhereye muri Nzero, ivyo ni mu gihe iyo ntara igize abantu benshi banduye kugeza uno musi.
  • Ibisagara vy’intara ya Victoria bihana urubibe na South Australia vyatanguye kugurisha udukoresho twifashishwa mu gukora ibipimo bizwi nka‘rapid antigen tests’ biturutse kupinduka zo kwinjira muri South Australia zashizweho.
  • ACT yagabanije ibipanza vyahora bikoreshwa mu gupima COVID-19 bivanye nuko uburyo bwo gukurikirana abanduye (ibizwi nka ‘Tracing’) hamwe no gusuzuma bivanye n’igabanurwa ry’uburyo.
  • Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, abajejwe amagara y’abantu bagabanijemo kubiri imisi y’abantu bahora bishira mu kato bafise ibimenyetso vya COVID-19 kuva ku misi 10 gushika kuri itanu mu ntumbero yo gufasha mw’ikena ry’abakozi.
Ibitigiri bishasha kuri COVID-19

Intara ya New South Wales yagize aabantu banduye 11,201umugera wa COVID-19 mu gihe batatu bitavye Imana, aho ni mu gihe kandi muri Victoria hamenyekanye abashika 3,767 ko aribo batowemo COVID-19, aho batanu bashengeye.

Queensland 1,589 nibo banduye, aho muri South Australia 1,471 batowemo umugera, ACT ikaba yagize 252 banduye COVID-19.

55 nibo banduye COVID-19 muri Tasmania

Wipfuza kumenya ingingo zifatwa kubera ikiza COVID-19 mu kirimi cawe, ngendera ngaha .



Kwishira mu kato hamwe n’ingingo zafashwe mu kurwanya ikiza mu ntara ku yindi:

Ingendo

 and Covid-19 and travel information 

Imfanshanyo y’amafaranga

Hariho impinduka kuri gahembo gategekanirijwe abagizweko ingaruka iturutse kuri COVID-19 mu gihe intara ishikanye ibice 70 canke 80 kw’ijana vy’abaamaze kwikingiza incanco zose zibiri. Kuronka imfanshanyo mu gihe ca COVID-19 iturutse muri Services Australia mu ndimi ukoresha: ‘







Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:



Ibibanza vyo kwisuzumisha muri buri ntara n’ibisagara:

 
 

Share
Published 29 December 2021 7:38pm
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama


Share this with family and friends