Ibigezweho kuri COVID-19: Ibice birenga 70 kw’ijana vy’abarengeje imyaka 16 bamaze kwicadagisha incanco zose muri Australia.

Aha uhamenyera ibigezweho kuri coronavirus muri Australia kw’itariki 20 Gitugutu 2021.

Australian Health Minister Greg Hunt (left) and Australia’s Chief Medical Officer Paul Kelly speak to the media during a press conference at Parliament House in Canberra, Wednesday, October 20, 2021. (AAP Image/Lukas Coch) NO ARCHIVING

Health Minister Greg Hunt (left) and Chief Medical Officer Paul Kelly during a press conference at Parliament House in Canberra, Wednesday, October 20, 2021. Source: AAP Image/Lukas Coch

  •  Victoria yoroheje ingingo z’imbibe ihana na NSW
  • NSW irasubira kwakira abashaka kubagwa bavyisabiye
  • ACT yagize 24 banduye


Victoria

Abantu bashika 1,841 nibo danduye mu ntara ya Victoria, ivyo bikaba vyatumye igitigiri c’abanduye kigera kuri 22,598. Aho ni mu gihe 12 bitavye Imana.

Guhera uno musi, abantu bicandagishije incanco zose bazinjira muri Victoria ntibazosabwa kwishira mu kato bagishika.

Abafata ingendo bavuye mu karere ka Greater Sydney, harimwo Blue Mountains, Central Coast, Shellharbour na Wollongong bazokenera ikizi nka “orange zone permit” kugira binjire mur’iyo ntara ya Victoria.

ABantu baticandagishije bazosabwa kwishira mu kato bacinjira, hama basuzumwe mu gihe c’amasaha 72 hama bagume mu kato gushika baronse inyishu yuko batanduye.

Rondera aho wicandagisha  hakwegereye.

New South Wales

Intara ya NSW yagize abantu 283 banduye mu gihe indwi bitavye Imana.

Ibijanye no kwibagisha bivyisabiye bigeye gutangura ubugira kandi ku basanzwe baba mu karere ka Greater Sydney mu ndwi iza, ivyo bibaye uko inyuma y’amezi abiri ivyo bikorwa bihagaritswe mu gihe hariho abantu benshi bari banduye COVID-19 mu kiza giherutse kwisubirira.

Ukubagwa bizosubira ariko bifatiye ku bice 75 kw’ijana gusa vy’abantu baba bemerewe kwinjira mu nyubako z’ibitaro haba ari ibitaro vya reta canke vy’igenga muri Greater Sydney, harimo n’akarere ka Blue Mountain uhereye ku wa Mbere.

Fyonda ngaha  Usabe umubonano wo gufataurucanco uno musi.

Uko vyiri vyifashe mu masaha 24 aheze muri Australia

  • ACT yategetse incanco ku basanzwe bakorana n’abantu bagendana ubumuga canke muri kominote z’abantu bageze mu zabukuru i Canberra.
  • Umushikiranganji w’amagara y’abantu ku rwego rw’igihugu Greg Hunt yavuze yuko Australia yashitse ku ntambwe ishimishije mu kwongore kwugurura aho ni mu gihe abagera ku bice 70 kw’ijana vy’abakuze barengeje imyaka 16 bamaze kwicandagisha incanco zose.
Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza

Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:         

Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha.  ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kugisengebumenyi  .





Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:



Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza muri buri ntara n’igisagara:

 
 


Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza muri buri ntara n’igisagara:

 
 

Share
Published 20 October 2021 8:56pm
By SBS/ALC Content
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama
Source: SBS


Share this with family and friends