Ibigezweho kuri COVID-19: Abanduye Omicron muri Australia babandanya kwiyongera

Aha uhamenyera ibigezweho kuri COVID-19 muri Australia kw'itariki 7 Kigarama 2021.

Yvette D'Ath Waziri wa Afya wa Queensland

Waziri wa Afya wa Queensland Yvette D'Ath, asema wanataka kila mtu awe na krismasi salama pamoja na wapendwa wao. Source: AAP Image/Darren England

  • Abagera 180 begereye ishuri riri ku murwa mukuru Canberra bategetswe kwishira mu kato nyuma yaho bikwetseko banduye umugera wa Covid-19 uzwi nka Omicron.
  • NSW yatoye abanda bantu batandatu banduye, ivyo bikaba vyatumye abanduye bose uyo mugera bagera kuri 31.
  • Kuva itariki 17 Kigarama, abatarikingiza bazokumirwa mu bibanza bimwe bimwe muri Queensland (raba ngaha ivyo bibanza .)
  • Umushikiranmganji ajejwe amagara y’abantu yamenyesheje yuko hari uwanduye umugera  muri Gold Coast bizananye mu kigo kibamo abakukuruke, ariko gushika ubu akaba atawundu aratorwamo uyo mugera muri ico kigo.
  • Ubushakashatsi bwakozwe n’ikigo Australia Red cross bwasanza yuko umuntu umwe kuri batatu bataryoherewe imisi mikuru yimirije ugereranije n’iyindi myaka, mu gihe 61 kw’ijana batewe amakenga n’imiryango isugerejwe mu gihe ingingo zijanye n’ingendo zigumyeho.
Ibitigiri bishasha kuri COVID-19:

Victoria yagize abashika 1,185 banduye n’abandi indwi bitavye Imana

NSW, handuye 260 mu gihe babiri bitavye Imana

ACT habonetse batatu, Queensland umwe.

Wipfuza kumenya ingingo zifatwa kubera ikiza COVID-19 mu kirimi cawe, ngendera ngaha



Kwishira mu kato hamwe n’ingingo zafashwe mu kurwanya ikiza mu ntara ku yindi:

“Menya ivyo wemerewe gukora nivyo utemerewe gukora mu ntara canke igisagara urimo”

Ingendo

Amakuru kubafata ingendo njabukamazi “” na COVID-19 hamwe n’ayandi makuru ku ngendo mu rurimi ukoresha 

Imfanshanyo y’amafaranga

Hariho impinduka kuri gahembo gategekanirijwe abagizweko ingaruka iturutse kuri COVID-19 mu gihe intara ishikanye ibice 70 canke 80 kw’ijana vy’abaamaze kwikingiza incanco zose zibiri. Kuronka imfanshanyo mu gihe ca COVID-19 iturutse muri Services Australia mu ndimi ukoresha ‘







Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:



Ibibanza vyo kwisuzumisha muri buri ntara n’ibisagara:

 
 
 


Share
Published 7 December 2021 5:07pm
By SBS/ALC Content
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama
Source: SBS


Share this with family and friends