Ibigezweho kuri COVID-19: Abafata ingendo zo mu ntara ntibasabwa kurihira ibipimo

Aha uhamenyera ibigezweho kuri COVID-19 muri Australia kw'itariki 24 Munyonyo 2021

A woman waits to receive a COVID-19 test in the eastern suburbs of Sydney Tuesday, Sept. 14, 2021.

A woman waits to receive a COVID-19 test in the eastern suburbs of Sydney Tuesday, Sept. 14, 2021. Source: AAP

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu Greg Hunt yemeje yuko abafata ingendo zo hagati mu gihugu bidakenewe yuko bariha amafaranga yo kwipimisha COVID-19- mu gihe bahagaritswe ku bitaro runaka. Ivyo vyabaye kubera kuzazanirwa namba ukwipimisha mu ntara ya Queensland bizorihishwa ku rwego rw’igihugu canke mu ntara, aho ivyo bipimo bishobora kurihwa ayagera kwi $150 ku muntu.

Queensland, Western Australia hamwe na South Australia bisaba yuko umuntu ategerezwa gukora ibipimo vyo mu kanwa no mu mazuru hamwe no mu mihogo canke ibipimo PCR, ivyo bipimo bigasabwa amasaha 72 imbere yuko winjira mur’iyo ntara.

Kuva mu mwaka uza itariki 17, abamaze kwikingiza basanzwe bakomoka mu gihugu ca New Zealand hamwe n’izindi ngenzi bazoshobora gufata ingendo zo muri New Zealand  batarinze kwishira mu kato. Izo ngenzi zizosabwa kwishira mu kato imisi indwi mu mihana iwabo

Ibitigiri bishasha kuri COVID-19

Northern Territory habonetse abashika 11 banduye.

Muri Victoria abashika 1,196 nibo banduye coronavirus mu gihe batatu bitavye Imana.

New South Wales 248 nibo batowe umugera wa COVID-19, aho ni mug ihe mu ntara ya Queensland atawabonetse yanduye.



Kwishira mu kato hamwe n’ingingo zafashwe mu kurwanya ikiza mu ntara ku yindi:

“Menya ivyo wemerewe gukora nivyo utemerewe gukora mu ntara canke igisagara urimo”

Ingendo

Amakuru kubafata ingendo njabukamazi “” na COVID-19 hamwe n’ayandi makuru ku ngendo mu rurimi ukoresha 

Imfashanyo y’amafaranga

Hariho impinduka kuri gahembo gategekanirijwe abagizweko ingaruka iturutse kuri COVID-19 mu gihe intara ishikanye ibice 70 canke 80 kw’ijana vy’abaamaze kwikingiza incanco zose zibiri. Kuronka imfanshanyo mu gihe ca COVID-19 iturutse muri Services Australia mu ndimi ukoresha ‘







Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:



Ibibanza vyo kwisuzumisha muri buri ntara n’ibisagara:

 
 

Share
Published 24 November 2021 7:19pm
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama


Share this with family and friends