Ibigezweho kuri COVID-19: Ibitigiri vy'abaremvye cane vyiyongereye mu ntara

Aha uhamenyera ibigezweho kuri COVID-19 muri Australi kw'itariki 27 Nzero 2022

Principal Glenn Butler takes delivery of Rapid Antigen Tests (COVID 19 Self Tests) at Mount View Primary School in Glen Waverley, Melbourne.

Principal Glenn Butler takes delivery of Rapid Antigen Tests (COVID 19 Self Tests) at Mount View Primary School in Glen Waverley, Melbourne. Source: AAP

  • Ibitigiri vy’abantu baremvye bariko baravurwa COVID-19 vyiyongereye mu ntara za NSW, Queensland na Victoria.
  • Ibihe vyokwitegurira gusubira kw’ishuri, ibijanye no kwicandagisha hamwe no gushikiriza incanco nivyo biri ku rutonde rw’ibihava vyihwezwa mu nama nshikiranganji uno musi.
  • Ibice 33.4 vy’abana bafise imyaka hagati y’5 na 11 nibo bamaze guhabwa ni buri buri urucanco rumwe rwo kurwanya COVID-19
  • Abarongoye amagara y’abantu muri NSW bahamagarira kwijukira ibifasha incanco bahawe bizwi nka ‘booster shot’ kubera yuko isango bafashe itubahirizwa.
  • Uwuserukira intara ya Victoria Daniel Andrews yamenyesheje yuko inama nshingamateka ishobora kugira itegeko urukingo rwa gatatu ‘booster shot’ kugira ngo abantu bose bicandagishe
  • Abantu 59 nibo bahitanywe na COVID-19 mu gihugu cose mu cegeranyo giherutse gushikirizwa.
  • Imfashanyo yo Australia mw’izinga rya Tonga mu nzira, mu gihe HMAS Adelaide iriko iratanga imfashanyo mu buryo ata muntu akoranako n’uwundi ‘contactless delivery’ inyuma yaho 23 bafasha mur’ico gikorwa banduriye COVID-19
Ibitigiri bishasha kuri COVID-19

Abantu 29 nibo bitavye Imana muri NSW mu cegeranyo ca vuba, mu gihe 2,722 barwariye mu bitaro , aho 181 baremvye cane. Bashasha banduye ni 17,316 mu ntara ya NSW.

Muri Victoria hamenyekanye 15 bahitanywe n’ico kiza, inyuma yaho 1,057 bashizwe mu bitaro hamwe 117 baremvye cane. Uno musi hakaba handuye 13,755 muri Victoria.

Queensland yamenyesheje yuko 15 aribo bahitanywe na COVID-19, 829 bari mu bitaro, hama 11,600 akaba aribo banduye mu gihe 48 baremvye cane.

South Australia yamenyesheje abanda 1,953 banduye COVID-19. Ibitigiri vy’abari mu bitaro vyagumye kuri 288 mu gihe abaremvye cane biyongereye umwe kuri 27 bari bahasanzwe.

ACT yagize ibitigiri vyo hejuru vy’abantu baremvye 73, ariko abaremvye cane bakaba bavuye kuri batanu bamanuka kuri bane.

Wipfuza kumenya ingingo zifatwa kubera ikiza COVID-19 mu kirimi cawe, ngendera ngaha  .



Intara zashizeho ukwiyandikisha kubw’udukoresho dufasfa kwisuzuma ikibiriraho tuzwi nka RAT ‘Rapid Antigen Test’

Kwishira mu kato hamwe n’ingingo zafashwe mu kurwanya ikiza mu ntara ku yindi:

Ingendo

hamwe na COVD-19 co kimwe n’amakuru ku bafata ingendo 

Imfanshanyo y’amafaranga

Hariho impinduka kuri gahembo gategekanirijwe abagizweko ingaruka iturutse kuri COVID-19 mu gihe intara ishikanye ibice 70 canke 80 kw’ijana vy’abaamaze kwikingiza incanco zose zibiri. Kuronka imfanshanyo mu gihe ca COVID-19 iturutse muri Services Australia mu ndimi ukoresha: ‘







Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:



Ibibanza vyo kwisuzumisha muri buri ntara n’ibisagara:

 
 

Share
Published 27 January 2022 4:24pm
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama


Share this with family and friends