Ibigezweho kuri COVID-19: Imbibe zugururiwe abafise ubumenyi mu kintu runaka co kimwe n’abanyeshuri mu gihe Victoria yoroheje amategeko mu kwikingira

People arrive at Hobart Airport in Hobart, Wednesday, December 15, 2021. Tasmania has reopened to all fully-vaccinated travellers from mainland states and territories. (AAP Image/Rob Blakers) NO ARCHIVING

People arrive at Hobart Airport in Hobart, Wednesday, December 15, 2021. Source: AAP

  • Abamaze kwicandagisha incaco zose bakaba bafise ubumenyi mu kazi runaka co kimwe n’abanyeshuri mpuzamakungu baremerewe kwinjira muri Australia batarinze gusaba impusha zidasanzwe zibaha uburenganzira bwo gufata urugendo, ivyo bibaye gutyo inyuma y’imyaka ibiri imbibe zugaye kuva ikiza gitanguye.
  • Tasmania yuguruye imbibe zayo kuri Australia yose inyuma y’amezi 22 yugaye.
  • Muri Victoria si ngombwa abantu bazobe bikingije mu gihe bari mu manza zo gusaba umugeni, gupfuba uwitavye Imana hamwe no gukoresha serivisi zitangwa n’abakodesha amazu bari musi ya reta n’impinduka z’amategeko agenga amagara y’abantu.
  • Ibitigiri bishasha vyabanduye COVID-19 muri NSW vyarenze abarenga 500, mu gihe iyo ntara yiteze ko ivyo bitigiri birenga mu gihe abatarikingiza bemerewe kwidegemvya no kuja mu tuguriro.
  • Abajejwe intwaro muri NSW bemeje abagera 25 banduye umugera wa COVID-19 uzwi nka Omicron, aho ivyo vyashikanye igitigiri c’abanduye kuri 110
  • Hisunzwe ibiharuro vyatanzwe na kaminuza ya NSW, vyerekana yuko iyo ntara ishobora kugira abashika 25,000 bashasha buri musi gushikaho ukwezi kwa Nzero kuzorangira, ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Brad Hazzard muri NSW.
  • Uwurongoye ishirahamwa mpuza amakungu rijejwe amagara y’abantu Tedros Adhanom Ghebreyesus yavuze yuko Omicron iriko irakwiragira hose ku muvuduko “tutigeze tubona n’iyindi migera ihahitiye”
  • Incanco zibirqi za Pfizer z’ikigo BionTech zikingira COVID-19 ziboneka yuko zongereje ibice 70 kw’ijana vyogukingira abantu kuja mu bitaro muri Afrika y’Epfo mu ndwi za vuba, ivyo bikaba vyashizwe ahabona mu bushakashatsi buzwi nka real-world aho bariko bariga ingaruka ishoboka usigirwa na Omicron.
Ibitigiri bishasha kuri COVID-19:

Victoria yagize abagera ku 1,405 banduye mu gihe batatu bitavye Imana.

NSW, handuye 1,360 mu gihe umwe ari we yitavye Imana. 

ACT, abashika indwi nibo banduye, aho muri Queensland ari batandatu

Wipfuza kumenya ingingo zifatwa kubera ikiza COVID-19 mu kirimi cawe, ngendera ngaha .



Quarantine and restrictions state by state:

Kwishira mu kato hamwe n’ingingo zafashwe mu kurwanya ikiza mu ntara ku yindi:

Ingendo

 and Covid-19 and travel information 

Imfanshanyo y’amafaranga

Hariho impinduka kuri gahembo gategekanirijwe abagizweko ingaruka iturutse kuri COVID-19 mu gihe intara ishikanye ibice 70 canke 80 kw’ijana vy’abaamaze kwikingiza incanco zose zibiri. Kuronka imfanshanyo mu gihe ca COVID-19 iturutse muri Services Australia mu ndimi ukoresha: ‘







Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:



Ibibanza vyo kwisuzumisha muri buri ntara n’ibisagara:

 
 

Share
Published 15 December 2021 9:37pm
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama


Share this with family and friends