Ibigezweho kuri COVID-19: Abantu 93 nibo bapfuye mu gihugu cose k'umusi umwe

Aha uhamenyera ibigezweho kuri COVID-19 muri Australia kw'itariki 28 Nzero 2022

Paramedics tending to their ambulance outside St. Vincent hospital in Melbourne.

Paramedics tending to their ambulance outside St. Vincent hospital in Melbourne. Source: AAP

  • Australia yamenyesheje abanda 93 bahitanywe na COVID-19, ico kikaba arico gitigiri kinini mu masaha 24 kuva mu ntango za kino kiza.
  • Imiyabaga iri hagati y’imyaka 16 na 17 nabo bazoronka incanco zizwi nka ‘booster shot’ inyuma yaho abajejwe ishirwa mu ngiro ryavyo bahereye uburenganzira urucanco Pfizer. Twibutse yuko ari abakuze bonyene bari bemerewe iyo ‘booster shot’.
  • Abahinga muvy’amagara y’abantu baracijijanya namba bakwiye gusubiramo insiguro itomoye y’umuntu bivurwa yuko yaronse incaco zose kugira bigire insiguro yuko yafashe incanco zitatu, ivyo bikaba vyisunze akamo katewe n’abanyeporitike bo muri Victoria na NSW.
  • Ishirahamwe rivugira abasangwabutaka ‘Peak Indigenous bodies’ ryo muri Nothern Territory ryanditse ikete ryosomwa na bose rihamagarira umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu gushira mu kato Central Australia kugira ngo ikwirakwizwa rya COVID-19 rihagarare.
  • Mu nama nshikiranganji igira 65 yabaye k’umusi w’ejo, intara n’ibisagara vyamenyesheje yuko ubwinshi bw’abantu mu bitaro n’ahashirwa indembe biriko biragabanuka buke buke,
  • Imyiteguro yo gusubira kwishuri iriko iragenda neza mu ntara nyinshi, NSW yamenyesheje yuko amashure yose azotangura mu ndwi iza kandi yitegekanije n’ibikoresho vyo gusuzuma ikibiriraho umugera wa COVID-19 mbere na serivisi z’ama bisi na gari ya moshi zikaba zamenyeshejwe.
  • Nubwo hatanzwe ibikoresho bingana imiriyoni 2 vyo gusuzuma COVID-19 ikibiriraho muri iyo ntara ya Victoria yose, amashuri yegamiye ishengero Katolika hamwe n’ayigenga. Ibindi bikoresho bingana imiriyoni 6 bitegekanijwe gutangwa imbere yuko amashure atangura.
  • Hirya y’ivyo, muri Queensland, abavyeyi, abarezi (abigisha) hamwe n’abanyeshuri baracarindiriye yuko reta itanga urutonde rwo gutangura amashuri.
  • Queensland yagize ibitigiri vyo hejuru cane vy’abahitanywe na COVID, 18 nibo bamenyekanye mu cegeranyo catanzwe, 12 muribo bari mu mazu y’abari muza bukuru.
  • Ibitigiri vyerekana yuko abaremvye cane bagabanutse bishemeye, mbere bikavugwako n’ibitigiri vy’abari mu bitaro bizogabanuka cane mu ndwi iza.
Ibitigiri bishasha kuri COVID-19

Abantu 35 nibo bitavye Imana nibo bitavye Imana muri NSW, mu gihe 2,737 bari mu bitaro n’189 baremvye cane mu bitaro. Abanduye bakaba ari 13,333

Hamenyekanye abashika 39 bahitanywe na COVID muri Victoria, 988 nibo bari mu bitaro hama 114 nibo baremvye cane. Abanduye bakaba ari 12,755 mur’iyo ntara.

Ubu muri Queensland hari 818 bari mu bitaro na 54 baremvye cane. Hama 9,974 nibo bamenyekanye ko banduye na 18 bitavye Imana.

Tasmania hamenyekanye 584 banduye COVID-19, ivyo bikaba arivyo bitigiri vyo hasi kuva itariki 3 Nzero. Abari mu bitaro ni 19, mu gihe umuntu umwe aremvye cane.

Wipfuza kumenya ingingo zifatwa kubera ikiza COVID-19 mu kirimi cawe, ngendera ngaha .



Intara zashizeho ukwiyandikisha kubw’udukoresho dufasfa kwisuzuma ikibiriraho tuzwi nka RAT ‘Rapid Antigen Test’

Kwishira mu kato hamwe n’ingingo zafashwe mu kurwanya ikiza mu ntara ku yindi: 

Ingendo

hamwe na COVD-19 co kimwe n’amakuru ku bafata ingendo 

Imfanshanyo y’amafaranga

Hariho impinduka kuri gahembo gategekanirijwe abagizweko ingaruka iturutse kuri COVID-19 mu gihe intara ishikanye ibice 70 canke 80 kw’ijana vy’abaamaze kwikingiza incanco zose zibiri. Kuronka imfanshanyo mu gihe ca COVID-19 iturutse muri Services Australia mu ndimi ukoresha: ‘







Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health:



Ibibanza vyo kwisuzumisha muri buri ntara n’ibisagara:

 
 

Share
Published 28 January 2022 4:05pm
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama


Share this with family and friends